YARAHOMVOYE IBISIKA VYADUTANDUKANYA

Ku musaraba, Yesu yatwujuje n’Imana.
Rero, tumaze kwuzura n’Imana, ibisika vyadutandukanya n’abandi vyanse bikunze birahomvoka.

« Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya, ubgansi amaze kubuhinduza ubusa umubiri wiwe, ni bgo vya vyagezwe birimw’ amabgirizwa ava mu vyashinzwe; kugira ngo muri we ya macakubiri ayarememw’ umuntu umwe musha, ngw azane amahoro artyo; kandi ngw ayo macakubiri, amaze kuyagira umubiri umwe, ayuzurishe n’Imana umusaraba, awicishije bga bgansi. »(Abanyefeso 2:14-16)

Umuntu wese yuzuye n’Imana yugurura umutima wiwe ku kubabarira no ku kwuzura n’abandi.
Kubabarira n’ukwuzura bihomvora ibisika vy’inzankano n’amacakubiri biri hagati y’abantu, nico kimenyetso kigaragara c’ukwuzura nyakwo kandi kutagira uburyarya n’Imana.
Nimba rero utarashobora kubabarira abakugiriye nabi no kwuzura nabo, bisigura ko utarashobora kwuzura neza n’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, dufashe guhomvora ibisika vy’inzankano n’amacakubiri vyose biri hagati yacu n’abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *