IJAMBO RYOSE TUVUGA RIBA AR’IMBUTO !

Wari uzi ko amajambo yacu agira inkurikizi ku buzima bgacu?
Ijambo ryose ni imbuto yo mu mpwemu.
Iyo rero tuvuze ijambo, tuba dukwiriye kwitega ko ryera ivyamwa.

Bibiliya ivuga ko “Urupfu n’ubugingo biri mu bubasha bg’ururimi.”(Imigani 18:21)

Muvy’ukuri, ijambo ryose ryogereranywa n’imbuto dutera mu kurivuga. Ijambo rifise ibanga ryo kumera no kwera ivyamwa.
Nico gituma bavuga ko “dusarura ivyo tubiba”.

Dukwiye rero kwimenyereza no kwiga kwatura amajambo meza ku buzima bgacu no ku buzima bg’abandi.
Kubera ko Mpwemu w’Imana, Mpwemu w’ijambo ari mu muntu wese muri twebge, n’ijambo ryo soko ry’ivyaremwe vyose riracyafise ubushobozi bgo kurema.
Rero, ivyo tuvuga kuri twebge ni nk’ukuvugishwa bishobora guhindura kazoza kacu, kakaba keza canke kakaba kabi.
Kwatura amajambo meza ashingiye kw’ijambo ry’Imana ku buzima bgacu ni uguhanura ibitangaza vy’Imana mu buzima bgacu bg’ubu n’ubgo muri kazoza.
Iyo rero tumenye inkomezi ziri mu mvugo, ntitwosubira gukoresha amajambo mu buryo budatomoye, haba kuri twebge ubwacu canke kubandi, twokwiyonda, tukabanza kwiyumvira neza ivyo dukwiriye kuvuga.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazosubira kwatura amajambo mabi ku buzima bgacu no kubg’abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *