Mu gitondo ca Pasika, mu gihe abagore bari mu nzira, bamwe mu barinzi baja mu gisagara, babgira abaherezi bakuru ivyabaye vyose. Abaherezi baca bagisha inama abashingantahe, bafata icemezo co guhisha ivyabaye.
« Na bo bakoranira hamwe n’abashingantahe baja inama, bahera abo basoda amahera menshi, bati Muze muvuge, mut’ Abigishwa biwe baje mw ijoro, baramutwibana dusinziriye. Icegera ca Kayisari ni caramuka kivyumvise, tuzomuhwamika, namwe tuzobakiza amagorwa. Babira ya mahera, bagira nk’uko bohejwe; kand’ iryo jambo ryandagara mu Bayuda na bugingo n’ubu. »(Matayo 28:12-15)
Uko, niko barementanije umugambi wo kuvuga ko izuka ari ikinyoma.
Yamara, asangwa Yesu atazutse, ukwizera kwa gikristo kwoba ari impfagusa, kandi twoba:
1. Tubaho ubuzima butagira ishingiro
Ukwizera kwacu kwoba kwibesha kandi ata gaciro gufise:
« Asangwa Kristo atazutse, ivyo twigisha n’ivy’ ubusa, n’ukwizera kwanyu n’ukw’ ubusa. »(1 Ab’i Korinto 15:14)
« Kandi asangwa Kristo atazutse, ukwizera kwanyu n’ukw’ ubusa. »(1 Abakorinto 15:17a)
2. Tubaho ubuzima tutababariwe ivyaha vyacu
Yesu yatanzwe kubera ibicumuro vyacu, kandi « yazutse kugira ngo dutsindanishirizwe. »(Abaroma 4:25)
Asangwa rero Kristo atazutse, ukwizera kwacu n’ukw’ ubusa, turacari mu vyaha vyacu. Kand’ asangwa bimeze birtyo, n’abasinziririye muri Kristo barayogeye.(Soma 1 Abakorinto 15:17-18)
3. Tubaho ubuzima buzira gutsinda
Asangwa Yesu yarazutse, yatsinze urupfu n’ikibi kandi bisigura ko natwe dushobora gutsinda ikibi.
« Turushishwaho kunesha n’uwadukunze. »(Abaroma 8:37)
Ariko, niba atazutse, dutegerezwa kubaho ubuzima butagira intsinzi ku rupfu no ku bibi vyose.
4. Tubaho ata vyizigiro
Izuka rya Kristo riratangaza iryacu! Iryiwe ritabayeho, ivyizigiro vyacu vyo kuzuka ntivyobaho.
« Ko twakoranijwe na we n’igishushanyo c’urupfu rwiwe, tuzokoranywa na we n’ic’ ukuzuka kwiwe na co. »(Abaroma 6:5)
Ngiyo intego yiryo rementanya, kugira ngo dukomeze gutinya urupfu no kuba abaja b’icaha n’ibibi vyose.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutigera tugira uruhara muri uyu mugambi wo kurwanya izuka rya Yesu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA