UGUTUNGANA KWACU

Niba umuntu yihisha agiye gukora ivyaha bimwe bimwe, ni kugira ahishe ingeso, agume agaragara nk’umuntu mwiza aho aba.

Ariko ni kuki tubesha abantu ?

Muvy’ukuri, n’ivy’ubusa ko tugerageza kubesha abagenzi bacu, ababanyi bacu, abo dukorana, n’abo tuvukana kuko baruhira kuduhinyura n’ubwo bihorera ntibabitubwire.

Vyongeye, n’ubwo twihisha, Imana yacu yo ubwayo iratubona.
Ivuga iti:
« Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze. »(Yeremiya 17:10)
Kandi irongera ikavuga iti:
« Ivyo urabikora, nanje ngahora, Ukiyumvira yuko mpwanye nawe rwose: Ariko nzoguhana, mbishire imbere y’amaso yawe, uko bikurikirana. »(Zaburi 50:21)

Kuki none dutegerezwa kubesha?
N’ivy’ubusa.
Vyoba vyiza turondeye kuba intungane mu maso y’Imana kuruta imbere y’abantu.

IGISABISHO:
Uhoraho, Mwami Mana yacu, duhe kuba intungane mu maso yawe no mu maso y’abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye.
Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *