IVYO MUKORA VYOSE MUBIKORANE URUKUNDO !

Imana ishaka ko urukundo ruba uburyo busanzwe kandi bwiza bugaragaza umubano mwiza mu bantu.
Niyo mpamvu Bibiliya idusaba gukora vyose mu rukundo:

« Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo. »(1 Abakorinto 16:14)

Hariho abakora ivyiza kugira ngo abantu bababone, babemere canke babashime.
Hariho n’abakora ivyiza kugira ngo baganze canke bifatire abo babikorera.
Hariho kandi n’abakora ivyiza kuko bizeye ko bazosubizwa vyinshi.
Yamara, tumenye ko igikorwa ico arico cose iyo kidakoranwe urukundo kiba ar’impfagusa mu maso y’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze gukora vyose mu rukundo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye. Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *