HOMVORA IVYO BISIKA !

Muri Bibiliya, ijambo « guhomvora ibisika »(ibihone) rikoreshwa mu mvugo ngereranyo mu kuvuga ukubabarirana n’ubumwe mu bantu.

Ubwo weho ntiwoba ufise ibisika vyo guhomvora mu buzima bgawe?

Kuva habaye ikibazo, ukutumvikana canke amatati hagati yawe na mwene wanyu, n’incuti yawe, n’umubanyi wawe, n’umugenzi wawe, Satani yaboneyeho umwanya wo kwubaka urusika(uruhome) rw’urwanko rugutandukanya nabo, urwanko hagati yawe nabo.
None uzova ryari muri ivyo bihe vy’inzankano?

Yesu Kristo ntashigikiye ivyo urimwo, « kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya… »(Abanyefeso 2:14-16)

Niwaba rero wifuza guhomvora ivyo bisika, ivyo bihome vy’inzankano, niwicishe bugufi, wegere abo wababaje, ubasabe ikigongwe kandi wiyunge nabo. Ikigongwe nico conyene gishobora guhomvora ivyo bisika vyose bigutandukanya n’abandi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe inkomezi n’ubutwari vyo gusenya impome zose, z’inzankano zidutandukanya n’abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *