URI BIBILIYA ?

Ijambo ry’Imana riduhimiriza kuba icitegererezo mu bikorwa vyiza.

« …wiyerekane muri vyose nk’icitegererezo c’ibikorwa vyiza, ugire ukwigisha kudatosekaye, ube inyankamugayo… »(Tito 2: 7)

Muvy’ukuri, ntidukeneye gufata Bibiliya ngo twihe imirambi y’ababanyi gusa kugira ngo tuvuge ivya Yesu.
Oya, ibikorwa vyacu n’ubufasha butandukanye duha abandi birashobora kuba vyiza nk’intahe n’ivyishimikizo vyo kuvuga ubutumwa.
Ibikorwa vyacu n’ubufasha bgacu, bituma abandi babona ko Kristo ubgiwe aba kandi akorera muri twebge.
Kandi, ni muri ubgo buryo nyene imyitwarire yacu ihinduka ikaba, mu bundi buryo, bibiliya abapagani bashobora gusoma mu buzima bgabo.
None turi Bibiliya y’ukuri? Bibiliya ituma abandi bifuza kumenya vyinshi ku Mana?

Ibikorwa vyacu ni bibe arivyo vyivugira ubutumwa mu bantu.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kuba icitegererezo mu bikorwa vyiza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye. Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *