YESU NTABAZI !

Iyo ubonye abantu basenga cane, bavugishwa « n’Imana », basenda abadayimoni kandi bakora ibitangaza « mw’izina rya Yesu », ntuce wihutira kwizera ko ar’abantu b’Imana canke ko Yesu abazi!
N’ukuvyitondera.

Benshi muri abo bantu Yesu ntabazi!
Yesu ubgiwe aratubwira ivyabo:
« Umuntu wese amvumereza, ati Mwami, Mwami; si we azokwinjira mu bgami bgo mw ijuru, atar’ ukora ivyo Data wo mw ijuru agomba. Benshi bazombgira kuri wa musi, ngo Mwami, Mwami, ntitwavugishwa n’Imana mw izina ryawe, ntitwasenda abadayimoni mw izina ryawe, ntitwakora ibitanganza vyinshi mw izina ryawe? Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe. »(Matayo 7:21-23)

None ni kuki Yesu avuga ko atabazi?
Muvy’ukuri, Yesu Kristo ntashobora kubamenya kandi badakorana na we, badakorera ubgami bg’Imana kandi batarondera icubahiro c’Imana.

Ica mbere, bamwe muribo, n’aho bavuga ko bavugishwa n’Imana kandi bagakora ibitangaza mw’izina rya Yesu, mu vy’ukuri bakoresha ubushobozi bga Satani.

Ica kabiri, abandi muribo baravugishwa n’Imana, barasenda abadayimoni, kandi bakora ibitangaza kubw’amafaranga canke ibintu bifatika bahabga kandi ntibabikora kubw’icubahiro c’Imana n’ubgami bgo mw’ijuru, ahubwo babikora kubw’icubahiro cabo.
Mu bisanzwe, kubera ko izina rya Yesu Kristo rihambaye, rifise inkomezi zidasanzwe, n’uwutamwizera yorikoresha ibitangaza n’aho Yesu atamuzi kubera ataho ahuriye nawe.

Noneho, Yesu azi gusa kandi azomenya gusa abakorana nawe, banywanye na we, n’abakorera ubgami bgiwe.
Witonde rero, ntuzosubire kwizera abo bantu bose bakora ubucuruzi mu murimo w’Imana kandi bironderera icubahiro cabo.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kutazosubira kwizigira abantu bose batarondera icubahiro cawe muvyo bakora vyose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

Intumwa y’Imana Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *