Imbere y’uko yurizwa mw’ijuru, Yesu Kristo yabwiye intumwa zari kumwe nawe ati:
« … muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi. »(Ivyakozwe n’intumwa 1:8)
N’aho yabibwiye intumwa, ubu butumwa buraba buri mukristo.
Muri Sentare, ivyabona bisabwa gusa kuvuga ivyo babonye kandi bumvise ku muntu kugira yagirwe canke yambikwe izera.
N’aho wewe utamwiboneye n’amaso yawe, warumvise canke urasoma ivyo yakoze.
Uretse ko uhamagariwe kubgira abandi ivyo nawe wamwumviseko kugira bamumenye kandi bamwakire mu buzima bgabo, ukwiriye no gushingir’intahe ivyo yakoze mu buzima bgawe no kugaragaza mu buzima bgawe bga minsi yose ko uba muri we nawe akaba muri wewe. Uko niko kumushingir’intahe nyakwo.
Muri 2 Ab’iKorinto 3:2-3, intumwa Pawulo yaranditse avuga ati:
« Ni mwebge cete cacu, canditswe ku mitima yacu, ico abantu bose bamenya bagasoma. Kuko muboneka ko mur’ icete Kristo yatwandikishije, nk’ukw igikorwa cacu kiri; kitandikishijwe wino, ariko candikishijwe Mpwemu w’Imana nzima; kitanditswe ku bisate vy’amabuye, ariko canditswe ku bisate ni vyo mitima y’inyama. »
Muri uru rwandiko, Pawulo ashaka kuvuga ko ubuzima bw’abizera bugaragaza ukwizera kwabo muri Kristo.
Burya abantu barashobora « gusoma » ubuzima bgacu bakabona ivy’Imana yakoze muri twebge, nk’uko umuntu yosoma ibaruwa canke igitabo.
Ibi bishimangira iciyumviro c’uko ivyo dukora, amajambo tuvuga, n’inyifato yacu bishingir’intahe ivyo Imana idukorera.
Iyi n’ishusho nziza yerekana ko ubuzima bgacu buvuga inkuru, iy’imibanire yacu n’Imana muri Yesu.
Nico gituma Pawulo, incuro zitandatu, yakoresheje inkuru y’ubuzima bgiwe mu kwamamaza Ubutumwa bwiza.
Imana idufashe kuba ivyabona nyavyo vyo gushingir’intahe Yesu minsi yose na hose.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA