Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho, aramubonekera, aramubarira, ati « Ni jewe Mana Ishobora vyose. »(Itanguriro 17:1)
Ibi bisigura iki?
Bisigura ko Imana ifise inkomezi n’ubushobozi bwose muri vyose no kuri vyose.
Nta kintu na kimwe kinanira ubushobozi bwayo.
None wari ubizi ko Imana yawe ishobora vyose ?
N’ukuri, Imana yacu ifise ubushobozi bwose buhindura ibintu vyose bizwi nk’ibidashoboka bigashoboka, ibihe vyose bizwi nk’ibidahinduka bigahinduka, indwara zose zizwi ko zidakira zigakira n’ivyapfuye vyose bigasubira kubaho.
Ivyo uravyemera ?
Niwaba uvyemera kandi ukaba uvyizera, ntakintu na kimwe gikwiye kuguhungabanya kuko Imana ishobora kugukorera vyose.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kugira ukwizera no kwizigira ubushobozi bgawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA