Adamu, amaze gucumura, yumvise agize isoni aca yinyegeza mu biti vyo mw’itongo. Ariko Uhoraho Imana yaramuhamagaye iramubgira iti:
« Uri hehe? »(Itanguriro 3:9)
Kuba Imana yaramubajije ico kibazo, s’uko yari yamurondeye ikamubura! Oya, ntiyari kumubura.
Ico Imana yashaka kwari ukugarukana Adamu ku murongo, ikamukura muvyo yarimwo.
Ni nkaho yar’imubwiye iti:
« Uri mu biki? Urabona ivyo wakoze aho bikugejeje! »
Kuba Imana itihutiye kumubaza iti « Wakoze iki? » ahubwo ikamubaza iti « Urihe? », bisigura ko Imana yitayeho cane ubuzima umuntu arimwo kuruta ivyo akora.
None weho urihe ?
Uri mu biki?
Muvy’ukuri ntiwoba waritandukanije n’ubugombe bg’Imana?
Ubuzima bgawe burashimisha Imana?
Uhoraho Imana ntaco ikwagiriza, kandi nta rubanza igucira; Ishaka gusa ko uva muvyo urimwo bibi kugira wibere mu buzima bwiza bwuzuye amahoro n’umwidegemvyo.
IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, dushoboze kuva muvyo turimwo bibi, kugira tuje mu buzima buguhesha icubahiro.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, amen.
Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA