AKIRA IMPANO IRUTA ZOSE

Impano iruta zose, n’ubugingo budashira twiherewe n’Imana.

« Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira. »(Yohana 3:16)

Ico abari mw’isi bakeneye, s’ibintu bifatika dutungira mw’isi nk’amamodoka, amazu n’ibindi, kandi si n’ibintu bifasha canke binezereza imibiri nk’ibiryo, ibinyobwa n’ibindi.
Ivyo vyose n’ibisanzwe cane.
Ico abari mw’isi bakeneye n’ubugingo budashira.
Impano y’ubugingo budashira niyo mpano iruta izindi kuko ntawoyiha uwundi, ntaho bayigurira kandi nta n’iyo umuntu yokorera ngo bayimuhembe.
Uwutarayakira, n’ayakire uno musi mu kwizera Yesu Kristo nk’umwami n’umukiza wiwe kuko umwizeye wese atazopfa rubi, ahubwo aba ahawe ubugingo budashira.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, ha abantu bose kwizera Yesu kugira ngo bakire ubugingo budashira.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *