AMASO YACU KU MANA

Igihe yar’ahanganye n’ingabo z’ibihugu vyari vyifatanirije hamwe kumurwanya(2 Ngoma 20: 1-2), Yehoshafati, umwami w’u Buyuda yarasenze agira ati:
« Ewe Mana yacu, mbega none ntiwobacirakw iteka? Kukw ata nkomezi dufise zo kurwanya ico igitero kingana girtyo kije kudutera, kandi turabuze ico twokora; ariko ni wewe duhanze amaso. »(2 Ngoma 20:12)

Natwe, har’igihe duterwa n’ibibazo tubona tudashobora gutorera inyishu.
Iyo tugerageje kubironderera inyishu, tugakora uko dushoboye kose, tugakoresha inkomezi zacu zose n’ubumenyi bwacu bwose kugira dukemure bimwe, tuza tubona hadutse ibindi, noneho tugacika intege, tukihebura.
Yamara, umuti wavyo, n’uguhanga amaso Imana yacu, tukayizera, tukarindira ko igaragaza ubushobozi bgayo ku biduhanze.

IGISABISHO :
Uhoraho Imana yacu, duhe guhora duhanze amaso Wewe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *