DUSENGERE ABANDI

Wari uzi ko Imana ishobora gukorera umuntu neza kubera amasengesho ry’uwundi muntu? Ibi vyitwa « kwinginga ».

Akarorero tugasanga mu gitabo ca Yobu.
Yobu amaze kumenya ubusegaba bw’Imana, amaze no kwicisha bugufi imbere yayo, Imana yavuganye n’abagenzi biwe Elifazi w’Umutemani na Biludadi w’Umushuhi na Zofari w’Umunāmati kugira ngo ibagire inama, ibabwira aya majambo:
« None rero ni mwijanire amashuri ndwi n’impfizi z’intama ndwi, muje ku musavyi wanje Yobu, mwitangire ibimazi vyoswa; kand’ umusavyi wanje Yobu azobasabira, kukw ari we nzokwemera, kugira ngo noye kubagirira nk’uk’ ubupfu bganyu bumeze; kuko mutamvuzekw ibiroranye, nk’uk’ umusavyi wanje Yobu yagize. »(Yobu 42:8)

Nuko, bagira nk’uk’ Uhoraho yababariye: maz’ Uhoraho yumvira ugusenga kwa Yobu.
Ni vyiza kugira imyitwarire ituma abandi (na cane cane abagororotsi) batwifuriza ivyiza kandi badusengera. Imana ubwayo niyo yashizeho ubu buryo bwo guca mu muntu kugirango ihe umugisha uwundi mu ntumbero yo gutsimbataza ubumwe. Gusengerana n’igikorwa c’ingirakamaro mu buzima bw’umukristo nyawe nkuko tubibona vyagenze kuri Yobu, igihe yasengera abagenzi biwe.
Muri Yakobo 5:16 naho hatubwira ngo:
« …musengeranire, kugira ngo mukire indwara. Ugusaba kw’umugororotsi kugira ikimazi kuri vyinshi mu gikorwa cakwo. »
Iyi n’agashirukabute kadutuma tugororoka imbere y’Imana, atari twebwe ubwacu gusa, ahubwo no ku bandi igirira akamaro.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twibuka gusengera abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *