«Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge, mugura uburyo mubugwiza, kukw imisi ari mibi.»
(Abanyefeso 5:15-16)
Umwanya ni kimwe mu vyiza vy’agaciro Imana yaduhaye. Amafaranga yatakaye yoshobora gusubira kuboneka, ibintu vyatakaye bikagurwa ukundi, ariko umwanya watakaye ntusubira kugaruka.
Iyo wumvikanye n’umuntu ko muzohura ku gihe kanaka, uwo muntu aba aguhaye igice c’umwanya wiwe.
Arategura umusi wiwe, akagenda aho mwumvikanye, akakurindira, kandi rimwe na rimwe agasiga ibindi bikorwa kugira yubahirize ivyo mwumvikanye. Ntukigere ufata umwanya w’uwundi muntu nk’aho ata gaciro ufise.
Guteba utabimenyesheje, kutitaba kw’isango wahanye n’abandi, canke gutanga n’ibigirankana isango ryo guhura n’abandi kandi uzi ko utazoza, bishobora gusa n’ikintu gitoya. Ariko birerekana ukuntu ufata uwundi muntu n’umwanya yakugabiye.
Yesu aratwigisha ati:
«Ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya.»
(Matayo 5:37)
Niwemera ko uzohura n’abandi, kora uko ushoboye ngo ushike ku gihe. Nimba hari ikikubuza, bimenyeshe uwo mwahanye isango. Nimba uzi ko udashobora gushitsa ivyo mwumvikanye, vuga ukuri.
Kubaha isango wahanye n’abandi, s’ukugira ku gihe gusa. N’ukwubaha ijambo ryawe, kwubaha uwundi muntu no kwemera ko umwanya wiwe ufise agaciro.
Ntugategeke umuntu kurindira ubusa.
Ntutange amasezerano utazi ko uzoshitsa.
Ntutange rendez-vous y’ikinyoma.
Umwanya wawe ni uw’agaciro, ariko n’umwanya w’abandi ni uw’agaciro.
Niryo jambo ryacu «Ego» ribe Ego vy’ukuri, kandi ibikorwa vyacu vyerekane ubwizigirwa, ukuri n’urukundo dukunda abandi.
IGISABISHO:
Mwami, nyigisha kwubaha umwanya w’abandi nk’uko nifuza ko bubaha uwanje.
Mpa ubwenge bwo gushitsa ijambo ryanje, kuza ku gihe no kuvuga ukuri mu vyo nsezerana n’abandi. Amen.
Shalom.
Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA
THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD
