HATUNGANIRIZWA ABADATUNGANYE

Isengero s’iry’abantu batunganye.
Isengero ririho kugira abera babone gutungana.
Niwaba usanzwe utunganye, isengero s’ikibanza cawe.

Ijambo ry’Imana rivyita gutunganya abera:
« Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha: kugira ngw abera babone gutungana, baheze bakore igikorwa co kugabura ivy’ Imana, bubake umubiri wa Kristo: kugeza aho twese tuzoshikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera n’ukumenya Umwana w’Imana, kandi kugeza aho tuzoshikira kuba abantu bakuze, no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo: kugira ngo dushire ubgana, ntituzungazungishwe n’imipfunda, ngo tujanwe irya n’ino n’imiyaga yose y’inyigisho n’amangetengete y’abantu, n’ubugunge bgabo, n’uburyo bginshi bgo kutuzimiza. Ariko tube imvugakuri turi mu rukundo, dukurire muri we muri vyose, ari we mutwe, ni wo Kristo; umubiri wiwe wose, uteranijwe neza, ufatanijwe n’ibifashisho vy’ingingo zawo zose, nk’ukw igihimba cose gikora ibango cagerewe, kuri we ni ho uronka gukura kwawo ukubakwa mu rukundo. »(Abanyefeso 4:11-16)

Iyo tuba twari dusanzwe turi intungane, ntitwari kuba kuja mu nsengero kuko tujya mu nsengero kugira twige kandi dukomezwe mu bintu vy’Imana.
None, ni kubera iki abantu baducira urubanza kubera tuja munzu y’Imana kwiga kuba beza?
Yesu ntiyatumye intumwa ziwe kwigisha icaha, yazitumye kuvuga ubutumwa bgiza.
Ubutumwa bgiza bukura abantu mu vyaha.
Abigisha nibamamaza icaha, abantu ntibazokivamwo, ariko nibamamaza ubutumwa bgiza, bizovana abantu mu vyaha.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe guhora twumva dukeneye gutungana.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *