HUNGA !

Nta muntu atohunga ibintu vyose bishobora kumwononera ubuzima bgiwe canke kumugirira nabi.

« Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzure amagara yiwe; ntimuranduranwe na ho, muzira ibigabitanyo vyaho… »(Yeremiya 51:6)

Mu bisanzwe, uhora uhunga ikintu cose gishobora kugukwegera urupfu, ikintu cose gishobora kukubabaza canke kugushira mu bibazo.
Yamara, hariho n’ibindi bintu utegerezwa guhunga kuko bibangamira ubugingo bgawe n’ubuzima bgawe cane:

Ukwiriye guhunga inyigisho zo muri iyi minsi zikundisha abantu Kandi zibatuma bifuza guter’imbere muvy’isi kuruta muvy’ijuru.
Hunga!

Ukwiriye guhunga abakoresha izina rya Kristo bironderera inyungu zabo bgite.
Hunga!

Ukwiriye guhunga abagukora mu mufuko mw’izina rya Yesu, bagusengera canke baguhanurira ubanje kubaha amafaranga.
Hunga!

Ukwiriye guhunga amasengero usanga abantu bahabwa icubahiro cari gikwiriye guhabwa Kristo.
Hunga!

Ukwiriye guhunga amasengero aho umwanya munini bavuga abantu aho kuvuga ku vyanditswe vyera dusanga muri Bibiliya.
Hunga!

Ukwiriye guhunga amasengero aho batavuga ivyerekeye ijambo ry’ubugingo, kwihana ku vyaha, canke igikorwa Yesu yakoreye ku musaraba.
Hunga!

Mubiri wa Kristo, hunga, Vayo.

IGISABISHO:
Uhoraho Imana yacu, duhe ubutwari bgo guhunga ikintu ic’arico cose kitubuza kukumenya neza canke kitujana kure yawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *