ICUBAHIRO COSE KIBE IC’IMANA

Ntaco twokora ubwacu tutagikoreshejwe n’Imana. Abana b’Imana bafise ubushobozi bwo gukora n’ibitangaza, harimwo gusengera abantu bagakira, kwirukana abadayimoni mu bantu, n’ibindi.

Petero, yuzuye Mpwemu Yera, yabgiye abashingantahe n’abakuru b’abantu bariko baramubaza, we na Yohani, ubushobozi n’izina vyabateye gukiza umuntu yararemaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, ati:
 » Ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye. »(Ivyakozwe n’Intumwa 4:10)

Intumwa zarakoreshejwe ibitangaza bikomeye ariko ntizigeze zivyiyitirira, zagumye zivuga ko ari mw’izina rya Yesu Kristo ibitangaza bikoreka.
Uno musi hari abantu bubahuka kwiyitirira ubushobozi bubakoresha ibitangaza, aho kuvyitirira Yesu abibakoresha, noneho bagashaka ko babiherwa icubahiro hako gihabwa Imana!
Biratey’agahinda.
Bene Data, icubahiro cose ni kibe ic’Imana.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, dushoboze kutiyitirira icubahiro cawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *