IGISUMA !

Bibiliya iratuburira ko Shetani ari igisuma.

Yesu yavuze ati:
«Igisuma ntikizanwa n’ikindi, atar’ukwiba, n’ukwica, n’ugutikiza.»
Yohana 10:10

Umusuma ntasaba uruhusha rwo kwinjira.
Arondera umuryango ufunguye canke aho amenera horoshe.

Shetani na we arondera imiryango yuguruye canke aho abona horoshe kumenera mu buzima bwacu:

Yinjirira mu macakubiri kugira atwibe ubumwe.
Yinjirira mw’ishavu kugira atwibe amahoro.
Yinjirira nu kwihebura kugira atwibe umunezero.
Yinjirira mu kwirengagiza canke mu gusamara kugira asambure ivyo twubatse.
Akinjirira no mu caha kugira adutandukanye n’Imana.

Ntitugoheke mu vy’impwemu!

Twame tugavye
Tugume turi maso.
Dusenge.
Turinde imitima yacu.

Ntitureke umwansi ngo aronke aho yinjirira mu buzima bwacu, ngo aze kutwiba ivyo Imana yaduhaye.

Ikintu cose Imana yatubikije dukwiye kukirinda:

Ukwizera kwacu.
Imiryango yacu.
Amahoro yacu.
Ubumwe bwacu.
Ihamagarwa ryacu.
Igishingantahe cacu.

«Mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.»
1 Petero 5:8

MURAGABA, MURAGABA!

IGISABISHO:
Mwami, duhe ugutahura kugira tumenye aho umwansi arondera kwinjirira, kandi uduhe ubwenge bwo kuhugara. Amen.

Shalom.

Intumwa Dr. Jean-Claude SINDAYIGAYA

THE LION OF JUDAH MISSION IN THE WORLD

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *