IJAMBO RIRAREMA !

Wari uzi ko impamvu yambere yo kubaho kw’ikintu ici arico cose ari ijambo ry’Uhoraho n’Impwemu zo mu kanwa kiwe? Ikintu cose caremwe cabayeho Uhoraho avuze.

« Ijambo ry’Uhoraho ni ryo ryaremye ijuru, Impwemu zo mu kanwa kiwe ni zo zaremye ingabo zose zo kuri ryo… Kuko yavuze, bikaba, Yageze, bikaguma. »(Zaburi 33:6-9)

Dufise akarorero keza k’ibi mu mirongo yambere y’igitabo c’Itanguriro.(Soma Itanguriro 1:2-3)
Mur’ico gihe, Ijambo ry’Imana ryahujwe n’Impwemu yayo, ubwo bumwe buca butuma habaho ivyo Imana ivuze.
Nico kimwe no kuri twebwe abana b’Imana:
Igihe cose twugururiye Ijambo ry’Imana n’Impwemu yayo bikorera hamwe mu mitima yacu, bwa bushobozi bwaremye Isi buca buza, bukinjira muri twebwe. Niho rero ijambo ryacu naryo rica rihinduka kurema, rikarema.
Dukwiriye rero kumenya ko amajambo yacu canke cane cane amajambo twatura, afise ubushobozi bwo kurema.
Ikintu cose tuvuga canke twiyaturako canke twatura ku bandi, kiba ciza canke kibi, gishobora guca gitangura kubaho biturutse ku bugombe bw’Imana no kugira ngo izina ry’Uhoraho rihabwe icubahiro.
Reka tozohore twitondera amajambo yacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twiyaturako amajambo meza kandi tuyatura no ku bandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *