IMANA IRI KUMWE NATWE !

Imana yadusezeranije ko itazoduheba (Soma mu Baheburayo 13:5).
Ivuka rya Yesu rero ryaje gushingira intahe iryo sezerano.

« Raba, inkumi izotwara inda, ivyare umwana w’umuhungu, Bazomwita Imanuweli; risobanurwa ngw Imana iri kumwe natwe. »(Matayo 1:23)

Nivyo, Imana iri kumwe natwe.
Twari dukwiriye kwifashisha uku kuba hamwe natwe kw’Imana, ariko ikibabaje n’uko hari abatazi canke batumva uko Imana ibana natwe.

Reka noneho tumenye ko Imana iri mu buzima bwacu, mu kuri kwacu, mu mibereho turimwo mbere no mu buzima bwacu kandi tuzobona amahoro aduha kuruhuka, umunezero udasanzwe mu mitima yacu n’inkomezi tutohabwa n’ikintu na kimwe mur’iyi si.

Muvy’ukuri, tuzi ko Imana iri kumwe natwe muvyo dukora vyose, n’aho turi hose, twoyisaba kudufasha, kuzana umuco n’ubwenge mu vyiyumviro vyacu, kugenzura amarangamutima yacu, no kuyobora intambwe zacu, amahitamwo yacu n’ivyemezo vyacu.

Bakundwa, ni twamenya ko Imana iri mu buzima bwacu, impungenge n’ubwoba ntibizohonyoza ikirenge mu mitima yacu.
Tuzobona Imana itwongerera amahoro n’umunezero, kandi iduteza imbere muvyo tuvuga no muvyo dukora!

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kumenya ko uri mu buzima bwacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *