IMANA NIYO IDUHINDURA BASHASHA

Dawidi amaze kumenya no kwemera ko ari umunyavyaha, yagaragaje icifuzo co guhinduka, akaba icaremwe gisha.

« Mana, undememw’ umutima utunganye: Unsubizemw’ umutima uhamye. »(Zaburi 51:10)

Umutima w’umuntu ari mu vyaha bikomeye nk’ivyo Dawidi yari arimwo, ntuba ukeneye gusanurwa gusa, ahubwo uba ukeneye guhinduka mushasha, umuntu akaba icaremwe gishasha(Yohana 3:3; Matayo 9:16), ntabe agihungabana hagati y’iciza n’ikibi.
Ivyo navyo, umuntu ntashobora kuvyikorera, abikorerwa n’Imana yamuremye.
Mu mirongo itatu ikurikirana (10, 11 na 12), izina ry’Umutima risubirwamo incuro zitatu n’umwanditsi wa zaburi, awita umutima uhamye, ubwa kabiri Mpwemu Yera, ubwa gatatu umutima ushize icira.
Yaba ari umutima uhamye, yaba ari Mpwemu Yera, Yaba ari umutima ushize icira, ntaco Umuntu yokwiha, abihabwa n’Imana. Nico gituma Dawidi yavyisabiye Imana.
Erega, twebge ubgacu nk’abana b’abantu ntidushobora kwihindura, n’Imana iduhindura ubgayo canke ibidushoboza.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, shira mu mitima yacu icifuzo co guhora turi ivyaremwe bisha.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *