IMBABAZI ZIHORAHO

Umuntu aciye mu bihe bigoye arashobora kwibaza ko imbazazi z’Imana zamuvuyeko, ko n’ikigongwe cayo caheze.

Yamara, ivyo n’ibinyoma.
« N’ukw imbabazi z’Uhoraho ari zo zatumye tudaherengetezwa, kukw ikigongwe ciwe kidahera: Cama ari gisha uko bukeye; ingen’ ar’ umwizigirwa biratangaje. »(Gucura intimba 3:22-23)

Mu bugaragwa, Abisiraheli bari gushobora kwiganyira kubw’ejo habo kuko manu yaherana n’umunsi, ataco birariza.
Ariko n’aho babaho ku munsi ku munsi, ubuzima bwabo Imana yarabwitayeho, kubera imbabazi yabagiriye.
Twebwe abana b’isezerano rishasha ryabereye ku musaraba, ntidushobora kwiganyira kuko tugendera mu mbabazi zihoraho zavuye mu maraso ya Yesu.
Ni nayo mpamvu Yesu atubwira ati:
« Ntimukiganyire ivy’ ejo, kuk’ umusi w’ejo uzoba wiganyira ivyawo; umusi ukwiranye n’amagorwa yawo. »(Matayo 6:34)
Imbabazi twagiriwe zigatuma Yesu abambwa agapfa ku musaraba, nizo tugenderako gushika n’uno munsi, kandi ni nazo zizodushikana mw’ijuru, kuko twahisemwo gukurikira Yesu nyen’imbabazi.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kwizigira imbabazi zawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *