IMBERE NI AHANTU HATURITSE !

Woba uri mu bihe wumva ko uhonyowe ku gakanu ?
Ubona woba uri nk’uko woba uriko uraca mu muriro canke nk’uko woba watwawe n’uruzi, wanyoye nturi.
Menya ko Data wo mw’ijuru yumva gutaka kwawe, kandi ko azogutabara.

Umwanditsi wa zaburi agira ati:
« Wahaye abantu kuduhonyangisha ku gakanu amafarasi bagenderako, Twaciye mu muriro no mu mazi; Maz’ udukuramwo, udushira ahantu haturitse. »(Zaburi 66:12)

Ukaba waraciye muri ubgo buzima, aho wimirije kwinjira n’ahantu haturitse!

Nimba Imana yaremeye ko uca mu bihe bitoroshe, wizere cane ko igiye kuguhindurira buzima, ikagushira mu buzima bgiza, ahantu haturitse.
Izere, imbere Ni heza.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kuguma tukwizeye iyo duciye mu bihe bigoye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *