IMYAKA TWAMAZE INZIGE ZISANGANGURA IVYACU

Kubera kutumvira Imana, Abayahudi bo mu bwami bwa Yuda bahuye n’ikiza kinini c’inzige zirya ibiterwa n’ibiryo, bituma haba amapfa mu gihugu. Ivyo rero vyagaragaye nk’igihano c’Imana kubwo kutumvira kwabo.

Ariko, bamaze kwihana, bakagarukira Imana, Imana yabasezeranije ibi bikurikira:
« Nzobashumbusha iyo myaka mwamaze inzige zisanganguye ivyanyu, zimwe zararaye n’izitaragurika n’iziyigiza n’izikegeta, ni zo za ngabo zanje nabagomoreye ngo zibatere. »(Yoweli 2:25)

Iri sezerano ryerekana ko Imana ishobora gusubiriza igihe catakaye mu vyaha no mu kwitandukanya nayo.
Iyo twigaye, tukicuza ivyaha n’ayandi mabi twakoze muri kahise kacu, hanyuma tukihana, Imana irashobora, kubw’impuhwe zayo, kudusubiza ivyo twatakaje vyose muri ico gihe twari twayikuyeko, twibereye mu vyaha. Iyo myaka niyo tugereranya n’imyaka twamaze INZIGE zisangangura ivyacu.
Twizere rero ko twihanye, tugaheba ibiduteranya n’Imana, nayo itugirira ikigongwe ikongera ikadushumbusha ivyo twatakaje vyose biturutse ku vyaha vyacu.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora twizigira imbabazi n’ubuntu vyawe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *