INGABIRE Y’IMANA

Ivyanditswe bivuga ko twari dukwiriye gupfa kuko twese twacumuye, ariko Imana yaduhaye impano y’ubuntu y’ubugingo budashira iruhande yayo.

« Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu. »(Abaroma 6:23)

Ubugingo budashira ni ikintu tutari dukwiriye kandi ni kubg’ubuntu bg’Imana gusa twakijijwe.
Reka dufate akanya dushimire Imana kuba yaradukijije ico twari dukwiriye.
Ibi Imana yadukoreye bidukebura kwumva ko abatugirira nabi kandi bakwiriye guhanwa canke gushikirizwa ubutungane (muri police canke sentare) kugira ngo bahabge igihano canke ubutungane bubakwiriye, bakeneye ingabire yacu y’imbabazi.
Ivyo murayumva?
Ntivyoroshe.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe guhora tuzirikana impano yawe y’ubuntu y’ubugingo buhoraho.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *