IVYIZIGIRO VYA KAZOZA

Satani arakunda gutera ivyiyumviro vy’abizera kuvyerekeye kazoza kabo barikumwe n’Imana.
Ashaka ko bakekeranya ku masezerano y’Imana, bakekeranya ko nimba koko bazoja mw’ijuru inyuma y’urupfu rwabo.
Ivyo vyiyumviro birashobora kuduca intege cane, kandi birashobora no kutwambura umunezero n’ivyizingiro vyo kwizera.

“Mwabire inkofero y’agakiza…”(Abanyefeso 6:17)

Inkofero y’agakiza ishirwa Ku mutwe kuko intambara nyinshi ariho zibera. Kurwego rw’umutwe niho havukira ivyiyumviro, ubgoba, ugukekeranya, kandi niho hafatirwa ivyemezo. Nico gituma rero hategerezwa kurindwa.
Twambaye inkofero y’agakiza, tuba turinze ivyiyumviro vyacu vy’ivyizigiro VYA kazoza.
Ivyizigiro bishimishije vy’ubuzima budahera imbere y’Umwami no kwizeza amasezerano y’Imana kuvyerekeye ijuru risha n’isi nsha, bitanga ivyizigiro n’inkomezi zo kwihangana.
Reka twemere agakiza k’Imana kaze kutwuzuza ivyizigiro no kwihangana.
Abakirisitu bameze nk’Abisiraheli mu gihe c’urugendo rwabo rwo mu bugaragwa: ibintu rimwe na rimwe biragora, si misi yose biba vyoroshe kubandanya urugendo, ariko turakomeza kuko tuzi ko aho tuja hakwiye kandi Imana iradukomeza mu rugendo rwacu.
Inkofero y’agakiza irashobora kuduha intumbero nziza ku buzima.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe ivyizigiro vy’ejo hazoza.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo dusenze, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *