IVYO DUTUNZE S’UMUHEZAGIRO W’IMANA !

Imodoka s’umuhezagiro w’Imana,
N’abatemera Imana, abasuma n’abagizi ba nabi barazitunze.
Inzu s’umuhezagiro w’Imana,
N’abahakanyi, abasuma n’abagizi ba nabi
barafise amazu, kandi meza.
Kugira ama miliyoni mw’i Banki s’umuhezagiro w’Imana,
N’abatazi Imana, abasuma n’abagizi ba nabi
barafise ama miliyari y’amadorari ku ma konti yabo mw’i Banki.
S’umuhezagiro w’Imana rero.
Si n’ikimenyetso cerekana ko Imana ihimbawe.

Mw’isezerano rya kera, umuhezagiro wari amafaranga canke ibintu bifatika, kuko vyari ikimenyetso c’uko Imana inezererewe ivyo abantu bakora.
Mw’isezerano risha, Imana itunezerererwa kuva tuvutse ubwa kabiri, tukizera Yesu nk’Umwami n’Umukiza wacu. Imana itunezerererwa nk’abana bayo.
Ikivuka mu mubiri ni umubiri, ikivuka mu mpwemu n’impwemu.
« Kuko tweho tur’ abakebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri. »(Ab’i Filipi 3:3)

Rero, icari umuhezagiro ku bantu bo mw’Isezerano rya Kera mu buryo bw’umubiri ni umuhezagiro kuri twebge mu buryo bw’impwemu.
Kuva duhinduka abana b’Imana, ibintu vyose Imana itunze n’ivyacu kuko natwe tuba abaragwa bayo:
« Ariko ko tur’ abana bayo, tur’ abaragwa; tur’ abaragwa b’Imana, tur’ abaraganwa na Kristo [dusangiye imihezagiro yiwe n’umurage wiwe wo mu mpwemu], namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhanwa ubgiza na we. »(Abaroma 8:17)
Imihezagiro yose twarayihawe, ntidukeneye kuyisaba. Igikenewe, n’uguhumuka tukayibona tukamenya no kuyikoresha neza kubw’icubahiro c’Imana.

IGISABISHO:
Uwiteka Mwami Mana yacu, duhe kumenya ko nk’abana bawe, dufise imihezagiro yawe yose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *