Gusenga ni kimwe mu vyiza bihambaye Imana yahaye abana bayo. N’umwanya wo kuganira n’Imana Data wo mu ijuru mu buryo bwimbitse, aho uwizera yugurura umutima wiwe imbere y’Imana, akayishikiriza ivyo akeneye, akayishimira kandi akumviriza ijwi ryayo.
Ni co gituma Yesu yatanze iri tegeko ryoroshe ariko rifise insiguro yimbitse ati:
«Iy’ usenga, uje haruguru mu nzu yawe, wugare urugi, usenge So aba mu mpisho, kandi So, akuboneye mu mpisho azoguhera.» (Matayo 6:6)
Imbere yo gusaba Imana kudufungurira imiryango y’imigisha, tubanze twige kwugara imiryango idutandukanya na yo.
Kwugara urugi birafasha umuntu kwiherera, kwirinda ibimusamaza no gutegura ahantu heza ho gusengera.
Iyo urugi rwugaye, urwamo rwo hanze ruragabanuka, maze ivyiyumviro vyacu bikibanda cane ku Mana.
Mu gihe ca Yesu, bamwe mu banditsi b’ivyanditswe n’Abafarisayo bakunda gusengera mu bantu kugira ngo babonwe kandi bashimwe. Bashaka gushimwa n’abantu kuruta kurondera kuba mu nyonga z’Imana. Yesu yarahakanye ubwo buryarya avuga ati:
«Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu.» (Matayo 6:5)
No muri iki gihe ico kigeragezo kiracariho.
Hari abibaza ko isengesho rirushiriza kuba iry’impwemu iyo riherekejwe n’ugutabaza cane, urwamo rwinshi canke ibikorwa vyo kwiyerekana.
Ariko Imana ntihimbarwa n’ubunini bw’ijwi ryacu; yihweza ukuri kw’umutima wacu.
Gusenga mu buryo buteza urwamo rugahungabanya ababanyi, rugaca intege abandi canke rugahindukiza amaso y’abantu kuri twebwe sico kigamijwe n’isengesho. Igihambaye s’uko abantu batwumva, ahubwo n’uko Imana itwumva.
Mu buryo bw’impwemu, kwugara urugi rwo haruguru mu nzu yawe bisigura kwugara urugi rw’ikintu cose gishobora kukubuza kwegerana n’Imana igihe uriko urasenga:
– ibigusamaza;
– ivyiyumviro bitagira akamaro;
– amaganya yuzuye mu mutima;
– icipfuzo co gushimwa n’abantu;
– ubwibone bwo mu vy’impwemu;
– n’ikindi cose gishobora kukubuza kwibanda ku Mana.
Abantu benshi baza gusenga bafise telefone mu minwe, imitima yabo yuzuye amaganya menshi canke ivyiyumviro bitatanye.
Umubiri uba uri aho basengera, ariko umutima uri ahandi.
Uyu musi, injira haruguru mu nzu yawe, wugare urugi maze urondere So wo mw’ijuru mu bwihisho.
Kuko akenshi ari mu gacerere, mu kwiherera no mu kugiranira ubumwe bwimbitse n’Imana havukira intsinzi zikomeye zo mu vy’impwemu.
IGISABISHO:
Mwami, nyigisha kukurondera n’umutima utagira uburyarya.
Mfasha kwugara urugi rw’ibinsamaza, ubwibone n’icipfuzo co kubonwa n’abantu.
Isengesho ryanje ribe umwanya nyawo wo kugiranira ubumwe nawe.
Mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Ivyiyumviro vyubaka kandi bihindura ubuzima bw’abantu
