KUBABARIRA S’IKIMENYETSO C’INTEGE NKE

Kubabarira kenshi ntibitahurwa neza.
Hari abavyibaza nk’uko ari ukwemera gutsindwa, canke nk’uko kubabarira ari ukwemera akarenganyo canke kwibagira ububabare.
Ariko ukuri kurenze ivyo: kubabarira ni ingingo y’inkomezi, s’ikimenyetso c’intege nke.

Iyo ubabariye, ntuba uvuze uti:
«Ivyo wakoze ni vyo.»
Ahubwo uba uvuze uti:
«Ndanse ko ivyo wakoze binsenyura umutima wanje.»

Mu Vyanditswe Vyera, Yesu Kristo arerekana ubushobozi nyakuri bwo kubabarira.
No ku musaraba, inyuma yo guhemukirwa, kwankwa no kubabazwa, yavuze ati:
«Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora.» (Luka 23:34)

Ivyo s’intege nke.
N’inkomezi ziva ku Mana.

Kubabarira bisaba:
•inkomezi zo kurengera ububabare
•umutima wo kureka ukwihora
•ukwizera Imana nk’Umucamanza agororotse.

«Ntimusubirize umuntu mu nkoko ikibi yabagiriye… ntimwihorane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhora n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkoko, ni k’Uhoraho agize.» (Abaroma 12:17–19)

Iyo ugumanye inzigo, ica ifunga umutima wawe.
Ariko iyo ubabariye, uramenagura iminyororo utabona.

«Mugiriranire neza, mugiriranire imbabazi, muharirane, nk’ukw Imana na yo yabahaririye muri Kristo.» (Abanyefeso 4:32)

Kubabarira ntibisigura ko imigenderanire isubira uko yari ubwo nyene, ariko bisigura ko ubwigenge bwo mu mutima wawe buca bugaruka.

Uyu musi rero, hitamwo inkomezi.
Hitamwo umwidegemvyo.
Hitamwo kubabarira.

IGISABISHO:
Mwami,
Urazi ububabare mfise n’ibikomere biri mu mutima wanje.
Mpa inkomezi zo kubabarira, naho vyoba bigoye.
Kiza ivyasenyutse muri jewe, nkuramwo inzigo n’inzikira.
Nyigisha gukunda nk’uko ukunda, no kugendera mu mwidegemvyo.
Uyu musi mpisemwo gushira ivyambabaje vyose mu biganza vyawe.
Mw’izina rya Yesu, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *