KUKI WEREKANA UBGAMBURE BGAWE ?

Birababaje kuba dusigaye tubona abagabo n’abagore bubahuka ata soni, berekana ubgambure bgabo ku mbuga ngurukanabumenyi canke ku mugaragaro.
Ariko yamara, iyo ubgambure butwikuruwe, ibitey’isoni bica biboneka.(Yesaya 47:3)
Mbega abantu nta soni bakigira?

Bibiliya itubwira ko Adamu na Eva bamaze gucumura, basanze bambaye ubusa, bagira isoni, barinyegeza. Kugira Imana ibasubize mu buzima busanzwe kandi ibapfukishe iteka n’icubahiro, yaciye ibakorera imyambaro y’insato irazibambika.

« Uhoraho Imana aronkera Adamu n’umugore wiwe imyambaro y’insato, arabambika. »(Itanguriro 3:21)

Ko Imana yambitse abana bayo ba mbere imyambaro, none kuki abo mur’iyi minsi yanyuma bubahuka kwerekana ubgambure bwabo, kandi biteye isoni?
Muvy’ukuri n’ikimenyetso c’uko binjiwemwo n’impwemu mbi za Satani zo kugerageza abantu ngo babakwegere mu busambanyi.
Muvy’ukuri, dukwiriye kumenya ko kugira Satani ayovye abana b’Imana, mu kubakwegera mu busambanyi, akoresha ukugerageza abantu mu kubereka ubgambure bgabo badahuje ibitsina.
Kandi kenshi, aberekana ubgambure bgabo babikora kugirango batume abantu babifuza, canke bifuza gusambana.
Reka twitonde, twirinde gukorera Satani!

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutazosubira gukorera Satani.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *