KUNDA KANDI UKORE IVYIZA !

Urakora ivyiza?
Urakunda?
Urafasha?
Niwaba ukunda, urashobora gukora ivyiza, gufasha, mbere no kubabarira.

Bibiliya igira iti:
« Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo. »(1 Ab’i Korinto 16:14)

Mbega ukora ivyiza ata nyungu urondera?
Urabasha kubababarira abakugiriye nabi? N’abagukoshereje?
Ibi bibazo birahambaye kuko uyu munsi, abantu benshi basengera abandi nabi.
Amasengesho yabo n’amasengesho yo kwiheba, kandi yerekana ko badakunda vy’ukuri.
Vyerekana ko Satani abandanya gutera imbuto z’ubwumvikane buke mu bavandimwe, mu miryango, mu bana b’Imana, mbere no mw’isi yose kugira ngo yice umubano mwiza n’umwumvikano Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yaje kugarura n’amaraso yiwe y’agaciro.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe gukunda abandi tubikuye ku mutima.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *