KWIYEREKANA NK’ABAGOROROTSE !

Bimaze iki kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu kandi mu vy’ukuri tutari bo ?

Yesu atubgira ati:
« Mwebge mugomba kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, arikw Imana irazi imitima yanyu… »(Luka 16:15)

Aho kwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, twari dukwiriye ahubwo kugerageza kuba abagororotse.
Erega, n’ubgo twokwiyerekana nk’abagororotse mu maso y’abantu, Imana Yo irabona ubuhemu, ububisha, akarenganyo n’ibibi vyose tunyegeje mu mitima yacu.
Ariko, kubera ko Imana yanka ikibi, bitebe bitebuke, iratugaragaza mu maso y’abantu, igashira ahabona ivyacu, kugira iburire canke irinde abatazi ububisha n’ubuhemu bgacu.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe kurondera kuba abagororotse aho kurondera kugaragara nk’abagororotse mu maso y’abantu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *