MBEGA NTIWICUZA ?

Mbega ntiwicuza ijambo ribabaza wabwiye umuntu?
Mbega ntiwicuza ikinyoma wavuze ku muntu canke ko wamutyoje?
Mbega ntiwicuza kuba warifatanije n’abandi mu kurenganya umuntu ataco yakoze?
Mbega ntiwicuza icaha umaze igihe kirekire uhishije mu mutima wawe?
Mbega ntiwicuza ibihe wigeze kugira uburyarya kugira ngo uhende abantu?
Mbega ntiwicuza igikorwa kidasobanutse, gikaze, kibi canke kirimwo akarenganyo wakoreye umuntu?

Niwaba uticuza, uba urateye amakenga… kandi uragowe.

Bibiliya iravuga uko umutima ushobora gukomantara:
“Ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubg’ ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’imitima yabo.” (Abanyefeso 4:18)

Kandi aha ni ho hari akaga nyakuri: s’uko wakoze amakosa, ariko n’uko utakiyabona. Kuko igihe cose umutima ugifise ubushobozi bwo kwumva, ushobora kongera gukira. Ariko iyo utakigira ico wumva, uba utakigikangukira Imana.

Ariko Imana ntifunga urugi ngo ntugaruke.
Ntibaza ikibazo co kwicuza kugira ngo iguhinyure, ahubwo kugira ngo igukangure:
“Ni mungarukeko n’imitima yanyu yose, mwisonzesha, murira, muboroga.” (Yoweli 2:12)

Kwicuza, muri Bibiliya, si iherezo—ni intango.
Ni vyo bita ukwihana: guhindura inzira. N’ivyahise bibi cane birashobora guhinduka intango nshasha mu biganza vy’Imana.

Nuko rero ikibazo kiracarimwo, ariko kirimwo ivyizigiro:
Wicuza kugira ngo ugume muvyo guhora wirega… canke kugira ngo usubire mu bugingo, ugire ubuzima bushasha?

Kuko Imana idashaka abantu batagira agasembwa. Ishaka imitima y’ukuri yiteguye kuyisubirako.
Aho ni ho impinduka nyakuri itangurira.

IGISABISHO:
Mwami, mpa umutima wicisha bugufi kandi w’ukuri, witeguye kwemera icaha canje no kugaruka kuri wewe.
Mw’izina rya Yesu Kristo, Amen.

Intumwa Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *