NI MWITEGEREZE UKO MUMEZE!

« Uku ni ko Uhoraho Nyen’ingabo agize ati: ‘Ni mwitegereze uko mumeze!’ »
(Igitabu ca Hagayi 1:7)

Rimwe na rimwe turibaza igituma utwigoro twacu twama tuvamwo umwimbu muke.
Turakora cane, ariko amahoro akaba make.
Turaronka amafaranga, ariko ntihagire igisigara.
Turabandanya gutera imbere, ariko tutagira uguhazwa nyakuri.

Mu Igitabu ca Hagayi, Imana yeretse ubwoko bwayo ko ikibazo kitari mu bihe barimwo gusa, ahubwo ko cari no mu mibereho yabo no mu vyo bashira imbere.

Imana yarababwiye iti:
“Ni mwitegereze uko mumeze!”

Mu yandi majambo: suzuma ubuzima bwawe.
Amahitamwo yawe, ingeso zawe n’ubucuti bwawe n’Imana bigira ico bikoze ku mibereho yawe.

Abantu benshi bipfuza ubuzima butandukanye n’ubwo barimwo, ariko ntibashake guhindura uko bameze canke inzira bacamwo.
Ariko nta mpinduka nyazo zibaho hatabanje kwisuzuma.

Imbere yo kwagiriza abandi canke ibihe urimwo, banza wihweze neza uko umeze.

• Suzuma uburyo uvuga.
• Suzuma abo mugendana.
• Suzuma amahitamwo yawe yo mu mpisho.
• Suzuma uko uhagaze imbere y’Imana.
• Suzuma ivyo wirukira mu buzima bwawe.

Kuko uko tumeze bigira uruhara ku kazoza kacu.

Ubuzima buri kure y’Imana bwama busiga ikinogo ata kintu na kimwe co muri iyi si gishobora kwuzuza.

IGISABISHO
Mwami, mfasha kwisuzuma mu kuri no kugaruka mu nzira zawe. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *