«Ni we mahoro yacu, kuko yahinduye ya macakubiri kuba kimwe, ahomvoye ca gisika co hagati cadutandukanya.» (Abanyefeso 2:14)
Tubaye mw’isi aho umuntu wese arondera amahoro.
Ibihugu birasinya amasezerano y’amahoro.
Imiryango irondera amahoro biciye mu biganiro.
Abantu na bo biyumvira ko amahoro ari mu mahera, mu vy’isi bihimbaye, mu gutsinda canke mu bindi bibatwara umutima.
Ariko rero, naho ivyo vyose bobironka, imitima yabo iguma idatekanye.
Kubera iki?
N’uko amahoro nyayo atava mu biba bidukikuje.
Amahoro n’umuntu: YESU KRISTO.
Intumwa Pawulo ntiyavuze gusa ko Yesu atanga amahoro. Ahubwo yavuze ati: «Ni we mahoro yacu.»
Mbega ukuntu ari ukuri gukomeye!
Imbere y’umusaraba, icaha cari caradutandukanije n’Imana. Kandi cari caradutandukanije n’abandi bantu biciye mu rwanko, ubwibone, ukwikekana, amatati n’izindi nzitizi zose.
Icaha cari cubatse uruhome ata muntu n’umwe yoshobora gusambura.
Ariko Yesu yaraje gukora ico ata muntu n’umwe yashoboye gukora.
Kubw’ikimazi ciwe ku musaraba, yasambuye uruhome rwadutandukanya n’Imana. Yarakuyeho urwanko maze adusubiza mu bumwe n’Imana Data.
Kuva ico gihe, uwizera Kristo ntaba akiri umwansi w’Imana, ahubwo aba abaye umwana wayo ikunda.
Iyo tumaze kwuzuzwa n’Imana, uburyo tubona abandi na bwo burahinduka.
Urwanko rusubirirwa n’urukundo.
Kwihora gusubirirwa no guharirana.
Amacakubiri asubirirwa n’ubumwe.
Inzitiro zirasenyuka, ibiraro bikubakwa.
Muri Kristo, inzitiro zose zitandukanya abantu zarasambuwe.
Ubu turi ubwoko bumwe, umuryango umwe n’umubiri umwe.
Ni co gituma umwana w’Imana nyakuri adashobora kubaho mu rwanko, gukomeza ivangura, kubika inzika canke kunezerererwa amacakubiri. Uwamenye Kristo aba umwubatsi w’amahoro, kuko Uwo ari we Mahoro aba aba muri we.
Ivyo ntibisigura ko ingorane zizoca zihera.
Ibigeragezo bizoguma biza.
Amakuba azoguma aza.
Akarengane kazoguma kariho.
Ariko hagati muri ivyo vyose, uwizera aguma ashikamye, s’uko aganza ibimushikira, ahubwo n’uko Kristo aba muri we.
Amahoro ya Yesu s’ukubura intambara; n’ukubaho kwiwe muri twebwe hagati mu ntambara.
Mur’iki gihe, abantu benshi barondera amahoro mu bintu vy’isi, mu butunzi canke mu buryo bw’abantu, aho kuyarondera kuri Yesu Kristo, ari we Mahoro nyayo.
Nimba Yesu Kristo ari Umwami wawe, usanzwe ufise ico isi yose irondera ariko itazokwigera ironka itamufise: ni we Mahoro yawe.
IGISABISHO:
Mwami Yesu, urakoze kuko uri amahoro yanje.
Urakoze kuko wansubije mu bumwe na Data biciye ku musaraba wawe.
Reka amahoro yawe aganze umutima wanje kandi angire igikoresho c’ubwiyunge. Mw’izina rya Yesu Kristo. Amen.
Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
