NINDE DUKWIRIYE GUPFUKAMIRA ?

Mu gihe ca kera, mu bihugu vy’i burayi, abantu b’abagabo barapfukamira abagore bakunze nk’uko bapfukamira n’abami.
No muri iki gihe, abahungu bakunze abakobwa basigaye bashira “ivi hasi” kugira babasabe urukundo.
Abantu benshi basanga uwo mugenzo utey’isoni kuko muri Bibiliya, ico kimenyetso co gupfukama cagenewe Imana gusa (Ezira 9:5; Zaburi 95:6; Yesaya 45:23)!

Muri Bibiliya, gushira ivi hasi n’ikimenyetso kigaragara co kwemera, guca bugufi cane no kwubaha, nk’uko ibaruwa Pawulo yandikiwe Abafilipi ribigaragaza:
« Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu, kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro. »(Abafilipi 2:9-11)

Ni ngombwa rero ko tumenya ko aya mavi yose atererwa umuntu, yaremwe mw’ivu, “umukungugu uzosubira mu mukungugu”(Itanguriro 3:19) bidakwiriye gukorwa, n’akamaramaza!
Muvy’ukuri, Imana yonyene niyo ikwiye gutererwa ivi.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kutazosubira gupfukamira umuntu uretse Kristo wenyene.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *