NTIMUBE ABAJA !

Imana yatanze umwana wayo w’ikinege ngo apfire ku musaraba kugira ngo abantu bose bakurwe mu buja bw’ikibi n’icaha.

« Ni co gituma utakir’ umugurano, arik’ ur’ umwana wayo; kandi k’ur’ umwana wayo, ur’ umuragwa, ubihawe n’Imana. »(Abagalatiya 4:7)

Kuki none abakristo benshi bakunda gusubira mu buja?
Erega, muvy’ukuri, abantu benshi n’abaja batanabizi.
N’aho batakiri abaja b’ivyaha, bagumye ari canke babaye abaja b’amategeko y’idini, abaja b’ivyiyumviro vya politike, abaja b’amacakubiri, canke abaja b’ubwibone bwabo, n’ibindi.
Dukwiriye kuba maso kugira ngo ntitube abaja, mu buryo ubwo aribwo bwose, kuko « twaguzwe igiciro »(1 Abakorinto 7:23).

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, dufashe kwirinda kuba abaja b’umuntu uwo ari we wese canke b’ikintu icarico cose.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *