NTIMUHINDURE INZU Y’IMANA AKAGURIRO

Mur’iki gihe haradutse abantu bavuga ko ari abakozi b’Imana bubahuka ata soni canke ubwoba, guhindura amazu y’Imana utuguriro.
Ivyo navyo bikaba bibabaza Yesu.

Umunsi umwe, Yesu yar’agiye i Yeruzalemu, « Asanga mu rusengero abadandarizah’ inka n’intama n’inuma, n’abavunja amahera bicaye. Atsiba imigozi ayigira nk’ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n’intama n’inka, asesa amahera y’abariko baravunja, ahenura ameza yabo. Abarira abadandaza inuma, ati Ni mukureh’ ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y’akaguriro. »(Yohana 2:14-16)

Abubahuka « kugurisha imigisha », gusengera no guhanurira abana b’Imana babanje kubaka amafaranga mu nsengero zitandukanye, ntaho batandukaniye n’abo twumvise bakoze ubudandaji mu rusengero rw’i Yerusalemu.
Umunsi umwe, bazokubitwa kandi birukanwe mu nzu y’Imana na nyene amasengero yose, ariwe Yesu Kristo ubwiwe.

IGISABISHO :
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe guhora tuyoborwa na Mpwemu yera kugira ngo ntidukurikire abanyereye ku muhamagaro wabo w’ukuri mu masengero yacu.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *