NTIWEMERE KO KAHISE KAWE KAKUGIRA IMBOHE

« …nibagira ibir’inyuma, kandi nshingira ibir’imbere. » (Ab’i Filipi 3:13)

Hari abantu batazokwigera bibagira uwo wahoze uri we, naho woba warahindutse, warakuze, warakize ibikomere kandi warabaye umuntu mwiza kuruta.
Bazokwama bibuka amakosa yawe ya kera kandi bayibutse n’abandi.

Hari abantu batamererwa neza n’iterambere ryawe kuko uguhinduka kwawe kubibutsa ko bo bagumye uko bari. Kubera badashobora kugenzura kazoza kawe, bazogerageza kugupfungira muri kahise kawe.

Bandanya utere uja imbere, ubareke bagume bavuga ivya kahise kawe.

Si bose bazonezerezwa n’umuntu mushasha wabaye.
Hari abipfuza ko uguma uri umunyantege nke, umuntu adatomoye kandi yoroshe gucira urubanza.
Ariko ivya kahise kawe si vyo bisigura uwo uri we ubuziraherezo.

Bandanya utere uja imbere, ubareke bagume bavuga ivya kahise kawe.

Nta muntu n’umwe atigeze akora amakosa mu buzima bwiwe.
Kandi nta muntu n’umwe atigeze agwa.
Ariko gukura bisigura kwiga, guhinduka no kurushiriza kugira ubwenge.

Ntukemere ko isoni zikubuza gutera imbere.

Ntutegerezwa gusigurira umuntu wese ukuntu wakize ibikomere vyawe, kuko bamwe bamaze gufata ingingo yo kutagutahura neza.

Bandanya imbere, ubareke bagume bavuga ivya kahise kawe.

Igihe uzorekera kubaho ushaka kwemerwa n’abantu bose, niho uzotangura kugenda mu mwidegemvyo ugana ku gice gishasha c’ubuzima bwawe.

Ntukemere ko icaha canke ukwiyagiriza kw’ivyahise bigutesha amahirwe mashasha. Kazoza kawe gakwiye kwitabwaho kuruta ugutsindwa kwawe kwa kera.

Reka kwama wisigura imbere y’abantu biyemeje kudatahura uguhinduka kwawe.

Bandanya utere uja imbere ufise amahoro.

Ntukeneye kwemerwa n’abantu bose kugira ngo uguhinduka kwawe kube ukw’ukuri.

Bareke bacire urubanza ivya kahise kawe mu gihe Imana iriko iragutegurira urugero rushasha rw’ubuzima bwawe.

IGISABISHO:
Data wo mw’Ijuru, dufashe kugendera mu mahoro, mu buntu bwawe no mu gusubizwamwo intege.
Dukureko umutwaro w’icaha, isoni n’ukwicuza kw’ivyahise, kandi uduhe umutima rugabo wo kubandanya imbere twizera. Mw’izina rya Yesu, Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA
Ivyiyumviro vyubaka kandi bihindura ubuzima bw’abantu

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *