NTUBE UBURARO BW’AGAHINDA

Iyo Satani aguma aguteza ibibazo bikomeretsa umutima wawe aba yifuza ko uba uburaro bw’agahinda.
Ariko Yesu yifuza ko ugira amahoro mu mutima.

Amaze kuzuka, Yesu yabonekeye abigishwa biwe, ababwira ati:
« Amahoro Abe muri mwebge. »(Yohanna 20:19)

Yesu amaze kuvuga artyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maz’ abigishwa baranezerwa, babonye Umwami.
Ico gihe, abigishwa biwe bari biyugaraniye ahantu binyegeje, batinya abayuda babahama.

Urupfu gwa Yesu Kristo n’izuka ryiwe vyatuzaniye amahoro kubera Yesu Kristo ari Umwami w’amahoro.
Dutegerezwa rero kwankira Satani ko atugira uburaro bw’agahinda.
Nk’abana b’Imana, dukwiriye kuba uburaro bg’amahoro n’umunezero.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Imana yacu, dushoboze kutemerera Satani ko atugira uburaro bw’agahinda.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
https://thelionofjudah.cw.center//
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *