NTUGERERANYE UBUZIMA BWAWE N’UBW’ABANDI

Igihe Yesu yabwira Petero ngo amukurikire, yarahindukiye, abona umwigishwa Yesu yakunda, noneho abwira Yesu ati:
« Mugenzi, uyu we bizoba bite? »(Yohana 21:21)
Yesu aramusubiza ati:
« Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira. »(Yohana 21:22)

Ugereranije ubuzima bwawe n’ubuzima bw’abandi, ushobora kubona basa nk’aho bameze neza, ko bateye imbere, canke ko badafite ibibazo nk’ivyo ufise.
Upfa iki?
Raba ibikuraba, umenye ko umugambi w’Imana kuri wewe utandukanye n’uwo ifise ku bandi.
Reka guta umwanya wawe wigereranya n’abandi,kuko, vyohava bigutera kwifuza, canke ishari n’inzigo, bikubuza gukurikira Yesu.
Erega ivyo ubona bafise wewe udafise, ni Yesu abitanga, n’uko ubona bari kandi wifuza kumera ni Yesu yakubagize.
Ivyo Yesu atabigukoreye, azoba ifise impamvu atabikoze. Ntibizokubuze kumukurikira kuko ikiruta vyose utegerezwa kwifuza, n’uko agushikana mw’ijuru.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe kutazongera kugereranya ubuzima bwacu n’ubw’abandi.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: + 250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *