NTUGUMANE UMUNUKO W’UMURIRO

Bibiliya iratubwira abagenzi ba Daniyeli, aribo Shaduraki, Meshaki na Abednego bari batawe mw’itanure ryaka umuriro, hanyuma bakarivamwo ataco babaye « ku buryo ata n’umunuko w’umuriro wari ubariko. »

Ngo basanze « umuriro utashoboye kugira ico ubagira ku mibiri yabo, kandi n’umushatsi wo ku mitwe yabo utababutse, n’imyinjiro yabo ata co yabaye, haba n’akarangu k’umuriro bonukako. »(Daniyeli 3:27)

Niba rero barasohotse mur’iryo tanura ryaka umuriro ata munuko w’umuriro ubariko, ni kubera ko Imana yari kumwe nabo muri uwo muriro, ikabarinda inkurikizi z’uwo muriro.
Emmanuel, izina rya Yesu risobanura « Imana iri kumwe namwe ».
Niba natwe tubana kandi tugendana na Yesu, nta nkeka ko azigaragaza kandi adutabare mu gihe c’ibigeragezo tuzocamwo. Aho, tuzobivamwo ata munuko w’umuriro w’ibigeragezo uturiko.
Muvy’ukuri, abo umunuko w’umuriro w’ibigeragezo wagiyeko, barawugumana mu buzima bwabo inyuma y’amakuba: Banuka ukutizera abandi, ubwoba, urwanko, ihahamuka, ububi, n’ibindi.
Abo Yesu yarinze inkurikizi z’ikigeragezo, ntibanuka.
Ariko, Imana irashobora gukiza abafise umunuko w’umuriro w’ibigeragezo bitandukanye mu buzima bwabo, mu kubashirako akamoto keza k’intsinzi yayo, akamoto k’urukundo rwayo, n’ak’ubuntu yabagiriye.(Soma 2 Abakorinto 2:14)
Ico gihe, ikigeragezo cabo gihinduka intahe y’icubahiro c’Imana.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, turinde inkurikizi z’ibigeragezo bitandukanye ducamwo.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI-RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *