NTUZIBE AMATWI UMUGORWA ATAKAMBA

Ijambo ry’Imana rihimiriza abatunzi n’abafise ico baruta abandi kwitaho abagorwa.

« Uwiziba amatwi umugorwa atakamba, Na we nyene azotakamba ntiyumvirizwe. »(Imigani 21:13)

Kubera ubukene atar’igihano c’abacumuye ku Mana, nk’uko n’ubutunzi atar’ubw’abantu bahimbara Imana, abatunzi bari bakwiriye kugirira impuhwe abagorwa babatakambira, bakabafasha.
Urwo rukundo abatunzi boba bagaragarije abagorwa mu kubitaho, nirwo Imana igaruka ikabagaragariza iyo nabo bageze aho bakeneye uwubatega amatwi akabafasha.
Batabikoze uko, nabo, birashobora gushika bagatakamba ntibumvirizwe.

IGISABISHO:
Uhoraho Mwami Mana yacu, duhe kugirira impuhwe abo turuta kubaho neza no kubitaho.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *