REKA KUBESHERA IMANA

Abantu bamwe, iyo bashaka kwihagararako no kwisigura ku mahitamwo yabo mabi, bubahuka kuvuga ko Imana ari yo yabagerageje. Baba babesheye Imana.

Ijambo ry’Imana rivuga ngo:
« Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha. »(Yakobo 1:13)

Muri kamere yayo, Imana niyo soko y’ivyiza vyose.
None ikibi coyiturukako gute?
Reka kubeshera Imana, mwemere amakosa yanyu mwihane.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe kutigera tukubeshera na rimwe.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo dusenze tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *