REKA TUMENYE IVYO TUBWIRA ABANTU

Ijambo ry’Imana ritubwira kumenya ivyo tubwira abantu.

« Urinda akanwa kiwe azigama ubugingo bgiwe, Arikw ikirofoke kizoranduka. »(Imigani 13:3)

Ikirofoke n’umuntu avuga menshi kandi atitondera ivyo avuga. Iyo tubikoze, tuba twikwegeye ingorane.
Ng’ibi ibintu bitanu tudakwiye na rimwe kubwira abantu:

1. Imigambi yacu:
Nitwabwira abantu imigambi yacu, bazoyica.

2. Intege nke zacu:
Nitwabwira abandi intege nke zacu, bazovyitwaza mu kuturwanya.

3. Ivyatunaniye:
Nitwabwira abantu ivyatunaniye, bazohora batubona nk’abantu ataco dushoboye kandi ntibazosubira kutwizera ngo bagire ico badushinga.

4. Amabanga yacu:
Ntituzobwire abantu amabanga yacu. Ibipfapfa nivyo bihishura amabanga yavyo. Nitwahishurira abantu amabanga yacu, bazamenya uko batugirira nabi.

5. Amafaranga twinjiza:
Nitwabwira abantu amafaranga twinjiza, ishari n’inzigi bizobatuma bashaka kudutandukanya n’inkomoko y’amafaranga twinjiza.

IGISABISHO:
Dawe wa twese uri mw’ijuru, duhe ubwenge n’ubushobozi bwo kurinda umunwa.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *