SINZOPFA, NZOBAHO

« Sinzopfa, ariko nzobaho,
Namamaze ibikorwa vy’Uhoraho. »
(Zaburi 118:17)

Aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi s’ukuvuga gusa ko yizera ubuzima bwiwe; n’uguserura ukwizera afitiye ububasha n’ubwizigirwa bw’Imana.

Mu bihe vy’ingorane n’iterabwoba, umwanditsi wa Zaburi yahisemwo kwizera ko ubuzima bwiwe buri mu maboko y’Uhoraho.
Yatahuye ko Imana yari ifise umugambi kuri we kandi ko ata muntu n’umwe yoshobora guhagarika urugendo rwiwe imbere y’igihe Imana yashinze.

Natwe, nk’abana b’Imana, turashobora kugendera muri uku kwizigira: ubuzima bwacu ntibuyoborwa n’impanuka. Turi mu maboko ya Data wo mw’ijuru adukunda kandi atwitwararika.

Ubuzima bukuru kuruta ubundi Imana iduha si ukwongera gusa imisi yacu kw’isi, ahubwo n’ubugingo budashira muri Yesu Kristo.

Yesu yavuze ati:
«Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ umwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.» (Yohana 3:16)

Ubugingo budashira s’umuhango w’ivyo muri kazoza gusa; ni ukuri umwizera wese afise muri Kristo.

Intumwa Yohana yanditse ati:
«Imana yaduhaye ubugingo budashira, kand’ ubgo bugingo ko buri mu Mwana wayo. Ufise Umwana wayo ni we afise ubgo bugingo; udafise Umwana w’Imana ntafise ubgo bugingo. Ivyo ndabibandikiye, mwebge mwizeye izina ry’Umwana w’Imana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira.»
(1 Yohana 5:11-13)

Ni co gituma umutekano wacu nyakuri udashingiye gusa ku myaka tuzomara kw’isi, ahubwo ushingiye ku kuba ubuzima bwacu buhishijwe muri Kristo.
Nta ngorane canke ibihe bibi bishobora guhindura ivyo Imana yarangije ku bw’abayo.

Ni co gituma dushobora kuvuga dufise ukwizera tuti:
Sinzobaho ku nkomezi zanje, ahubwo nzobeshwaho n’ubuntu bw’Imana. Sinatanzwe mu maboko y’urupfu, kuko Kristo yampaye ubugingo budashira. Nzokwamamaza ibikorwa vy’Uhoraho, kuko ubuzima bwanje ari ubwiwe, we yandemye kandi akancungura.

Ubuzima bwacu bwose bube igishingantahe c’ubwiza bw’Imana n’ubwizigirwa bwayo.

IGISABISHO:
Mwami Mana yanje, ndagushimira kuko ubuzima bwanje buri mu maboko yawe.
Nyigisha kugendera mu bugombe bwawe, kwizigira ubuntu bwawe no kwamamaza ibikorwa vyawe.
Ndagushimiye ku ngabire y’agaciro y’ubugingo budashira muri Yesu Kristo. Amen.

Intumwa Dr Jean-Claude SINDAYIGAYA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *