TUBE INZOKA N’INUMA

Kubera azi neza isi turimwo, Yesu araduha impanuro ikomeye y’uko twobana n’abandi:
« Mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe. »(Matayo 10:16)

Nivyo dukwiriye kwifuza kuba abagwaneza, inyankamugayo, kugira ubuntu, n’ivyiza kandi n’ubwitonzi nk’inuma.
Ariko kandi, dukwiriye no kwitonda kugira ngo abantu ntibatwifatire, baducemwo kubera tuba tuboroheye, kubera ubwitonzi bgacu, ineza yacu, n’ubunyankamugayo bgacu, n’ibindi.
Dukeneye kugira ubgenge.
Erega na Kristo ntiyigeze yemera kubambwa kubera intege nke. Oyaaa, Yavuze ati: « Ubugingo bganje, nta wubunyaka, ahubwo ndabutanga ku bugombe bganje. » Abikora ku bugombe, afise ubgenge, azi n’igituma abikora.
Kureka rero abantu bakatwigirako ivyo bashaka si vyiza.
Yesu ntiyavuze ngo: Umuntu ugukubise ikofi kw’itama ry’iburyo, UMUREKE abandanye agukubita  » yavuze ati « UMUHE n’iry’ibubamfu. »
Birasaba rero ubgenge kugirango twirinde kugwa mu mutego ngo dusange twahemukiye ubwitonzi n’urukundo vyacu.

IGISABISHO:
Mwami Mana yacu, duhe ubushobozi bwo kuba inzoka n’inuma igihe cose bibaye ngombwa.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *