TUZIRIKANE AMAZINA YESU ATWITA

Tukimara kuvuka, Imana itwita IBIREMWA:
« Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo. »(Abanyefeso 2:10)

Tumaze guhura tukamenyana n’umwana wayo Yesu, Yesu atwita ABAKUNZI:
« Nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje. »(Yohana 15:15)

Kuva aho tumwakiririye mu buzima bgacu kandi tukamwemera nk’Umwami n’Umukiza wacu, Yesu ubu atwita ABANA B’IMANA, bisigura ko turi abavukanyi biwe:
« Mwese mur’ abana b’Imana kubgo kwizera Kristo Yesu. »(Ab’iGalatiya 3:26)

Hanyuma, uyu Yesu twakiriye mu buzima bgacu araduhindura akatwita ICAREMWE GISHA:
« Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha. »(2 Ab’iKorinto 5:17)

Igihe Mpwemu Yera aje kuba muri twebge Yesu aca atangura kwita imibiri yacu INSENGERO:
« Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebge, uwo mufise, avuye ku Mana? »(1 Ab’iKorinto 6:19)

Inyuma y’ivyo, duciye twiyemeza gutangura kuvuga ubutumwa bg’ijambo ry’Imana, Yesu aca atwita IVYABONA:
« Muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi. »(Ivyakozwe 1:8)

Ubwo turazirikana aya mazina mu buzima bgacu?
Reka tube, bivuye ku mutima, nk’uko Yesu atwita.

IGISABISHO:
Uhoraho Mana yacu, duhe guhora tuzirikana aya mazina Yesu atwita no guhora dushaka kumera nk’uko Yesu atwita.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu kristo tubisavye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☏: +250730900900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *