TWIRINDE KUBA AHANTU HATARIHO

Har’umugisha tubona iyo turi aho Imana ishaka ko tuba, kandi hari n’ingorane tugira bitewe no kuba ahantu hatariho.

Kubera Dawidi yari ahantu hatariho, yabonye ivyo atari akwiriye kubona, bituma agwa mu caha, noneho bimukwegera n’ivyago mu nyuma.
Vyagenze gute?
« Umusi ur’ izina ku mugoroba, Dawidi amaze kwibambura ku kirwa, agendagenda hejuru ku ngoro yiwe; maz’ akiri hano hejuru, aja abona umugore arikw ariyuhagira, kandi yari mwiza ateye igomwe. Nuko Dawidi atuma kubaza uwo mugore uw’ ari we. Baramubarira, bati Si Batisheba mwene Eliyamu, muka Uriya Umuheti? Nuko Dawidi atuma intumwa zo kumuzana, aca arenguka i we, bararyamana, kuko yari yihumanuye avuye mu miziro; hanyuma asubira i muhira. »(2 Samweli 11:2-4)

Mbega umwami yagendagenda hejuru ku ngoro yiwe ashaka iki?
Hejuru ku ngoro, s’ikibanza gikwiranye n’umwami, si n’umwanya ukwiriye umwami. Niho handurukiye icifuzo co kuryamana n’umugore yahaboneye.
Natwe dukwiriye kumenya ko hari ahantu dutegerezwa kwirinda kuja kuko hatariho, hatadukwiriye.
Nk’ahantu hazwi ko hakorerwa ivyaha canke hakorerwa ibidahesha Imana icubahiro, dukwiriye kuhirinda.
Ahantu nk’aho s’ahacu, ntihadukwiriye, dutegerezwa kuhirinda kugira natwe ntitugeragezwe ngo tugwe mu vyaha canke ngo abahatubonye batwitiranye n’abahasanzwe, batwite uko tutari.

IGISABISHO:
Uwiteka Imana yacu, turinde kuja no kuba ahantu hatadukwiriye.
Ni mw’izina ridasanzwe ry’umwana wawe Yesu Kristo tubisavye tuvyizeye, Amen.

THE LION OF JUDAH MINISTRY IN THE WORLD©
thelionofjudahmission@gmail.com
☎: +250 730 900 900
KIGALI – RWANDA

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *